380 likes | 468 Views
Ishuli rya ASU Morrison y’Ubutegetsi n’Uburimyi & IRC – FARM Project. Kwiga uburyo bgo kugurisha ivyimburwa vyo mu murima wawe. Ibirimwo. Muri Amerika bagiye guhinduka uburyo bgo kugurisha indya. Inzira zo gushika ku maguriro manini zigiye kuba nkeya. Dukwiriye kumenya inyungu.
E N D
Ishuli rya ASU Morrison y’Ubutegetsi n’Uburimyi & IRC – FARM Project Kwiga uburyo bgo kugurisha ivyimburwa vyo mu murima wawe.
Ibirimwo • Muri Amerika bagiye guhinduka uburyo bgo kugurisha indya. • Inzira zo gushika ku maguriro manini zigiye kuba nkeya. • Dukwiriye kumenya inyungu. • Utangure ku kintu gito, utekereze ikinini.
Raba inzira zo kugurisha indya mu masoko manini yo muri Amerika Abaje kugura Amasoko mato y’ indya barikorera) Amaduka ateka indya Amasoko makuru y’indya (Fry’s, Safeway) Amaduka arangura indya Ayandi maduka arangura indya Amaduka arangura Indya ziteguwe Abiyunze bafatana kurangura indya ziteguwe Abakora indya mu mashini Abambere bategura indya Abakira indya Abarimyi Abafasha Abarimyi
Kugabura (distribution) • Ukuntu ugabura ivyimburwa warimye. Utekereze uburyo bgose bgo kugurisha ivyawe. Umucuruzi agurisha ibintu wenyine canke mu bandi. • Kugabura wenyine (direct distribution) • Umurimyi agurisha ku muntu ugomba kugura. • Kugabura mu bandi (indirect distribution) • Umurimyi agurisha ibintu vyiwe ku wundi muntu nawe azobigurisha hanyuma yaba umuntu wo kurangura..
Aya masoko akunda kugura ku murimyi wenyewe • Amasoko y’abarimyi (Farmers’ Markets) • Agasoko k’ibarabara/ Ameza hafi y’umurima • Abíkorera mu kugurisha (independent retailers) • Amasoko y’amoko nka kinyafurika canke kishinwa • Za restorante zíkorera (independent restaurants) • Bamwe bakunda cane indya zivuye mu murima canke indya z’ubgoko bumwe. • Community Supported Agriculture - CSA/ n’icama c’uburimyi
Kuvugana n’umukuru w’amasoko y’abarimyi bo muri Arizona: (Arizona’s Farmers’ Markets) 623-848-1234azfarmersmarkets@cox.net Amazina y’amasoko y’abarimyi muri Arizona. http://www.foodconnect.org/farmers_markets/locator.asp Amasoko y’abarimyi bo muri Arizona
Uburimyi bufashwa n’ abandi Community Supported Agriculture (CSA)
Amaguriro akoresha umuntu wo hagati kugabanya • Amaguriro aho bagomba kugura ivyimburwa bafise umuntu wo hagati kugabanya ivyimburwa. • Amaguriro aho bagomba kugura indya bafise umuntu wo hagati kugabanya indya. • Amaguriro manini bagura indya ku yandi maguriro bagabanya indya. • SOMA: “Foodservice” n’ijambo ivuga amaguriro aho bategura indya mu vyimburwa bakagurisha indya. Nka za restortanti, za hoteli, amashuri, n’amazu y’imbohe.
Gukoresha amaguriro ya “foodservice” bafise abo hagati bitwa abo kugabura “specialty” (ba-speshalti bagura ikintu kimwe gusa)
Kurondera amaguriro y’indya ya “foodservice” bafite iguriro rinini
Kurondera amaguriro y’indya yitwa “Foodservice” hamwe n’ayandi masoko ukoresheje abo bafite iguriro rinini.
Inzira kw isoko kugurisha wewe ubgawe:Kwemera “Ego” • Uzobonana ku maso n’abantu bazogura ivyawe. • Gutwara ibintu bike biroroha. • Ikiguzi kizoba nyinshi kuruta uko wagurisha ku muntu wo hagati. • Bakundu kwemera ivyo wazanye kugurisha. • Kwimura ibintu vyose biroroshe
Inzira yo kw isoko kugurisha wewe ubgawe:Guhinyura “Oya” • Umuntu umwe agura bike, uzorondera benshi kugira ngo bagure ivyimburwa vyawe vyose. • Hafi imisi yose uzoba ukwiye kugenda no kugurisha ivyimburwa. • Mbega, uzobishobora? • Ukuyemo umuntu wo hagati, n’ukuvuga ngo ni wewe uzokora ivyo yakoze mbere. • Mbega, inyungu yawe izaduga? • Mbega, uzabona abagura ivyimburwa vyawe?
Inzira yo kugera kw isoko wewe ubgawe:Ibibazo • Umuntu umenyekana afata vyinshi! • Mbega, uzoshobora kubanezeza? • Nko kugurisha muri restoranti • Abaguzi bamwe bakunda kimwe, abandi, bakunda ikindi. Kwegera umwe, uvuge uku, kwegera undi, ukavuga ukundi. • Mbega, uzoba ubishoboye kwerekana neza ivyimburwa vyawe?
Inzira ku maguriro ukoresheje umuntu wo hagati:Kwemera “Ego” • Bashobora kugura vyinshi. • Bafise inzira yo kugera ku maguriro mashasha atandukanye. • Umaze kubamenyera, umwanya wo kugurisha uzaba mukeya. • Ni bo bafise akazi gakomeye co kurondera abantu bagura ivyawe.
Inzira ku maguriro ukoresheje umuntu wo hagati:Guhinyura “Oya” • Kuko bagomba vyinshi kumbure ntuzoshobora kuzana ico bagomba. • Kumbure uzoba ukwiye kubona uruhusha rwa reta kuba umuntu wo hagati wewe ubgawe. • Kenshi, uzogurisha ku giciro gito kuko ufise vyinshi.
Inzira ku maguriro ukoresheje umuntu wo hagati: Ibibazo • Umurimyi akwiye kuzana ivyimburwa vyiza igihe cose. • Uzoba ukwiye kuzana ivyimburwa ku gihe abandi bagomba, ukazoshiramo mu gasashe canke ikiratasi canke iplastiki canke isandugu nkuko bikwiye. • Hari ubgo inzira ikaziba.
Ibindi bibazo vy’amaguriro • Ivyimburwa • Igiciro • Gutangaza
Ivyimburwa • Ukwiye kumenye ibisubizo vy’ibi bibazo vy’ ibintu ugomba kugurisha: • Uzakuza iki? • IGIHE! Ni ryari bakunda kubigurisha? • Uzobitereka mu ki? Agakaratasi? Agaplastiki? Agakarato? Agasandugu? Umuntu uzobigura agomba iki? • Irihe zina tuzandikaho kugira ngo ivyimburwa vyacu bimenyekane? • Ibipimo vya hano vyo gukuza imbuto n’ibihe? • Mbega hariho amakaratasi ya ngombga akwiye gufasha? Ayo makaratasi uzoyabona gute? • Ivyimburwa vyawe ni nziza cane kubera iki?
Ivyimburwa: Uzakuza iki? • Ukwiye kumenya abazobigura. • Isoko wabonye aho bazogura ivyawe • Ukwiye kurondera no kumenya aba bantu: • Uvugane n’abagabuzi b’indya, abatetsi bateka indya, amaguriro bagurisha za “spesiyalite” • Rondera abandi bagurisha ivyimburwa urabe uko babigenza. • Mu kurangiza, ukwiye guhitamo ico uzogurisha, ugatangura akazi!
Ivyimburwa bikunda kumera neza muri Arizona Amatunda n’ imboga bimera hafi umwaka wose. • indimu, pasteki, ibiharage, ipilipili, shufureri, burakori, ishu, konkombri, karoti, tumu, ibitunguru vyumye, ibitunguru bibisi, ibirayi, amaradi, ibihaza, inyanya Ibimera mu gihe cavyo gusa. • apples, peaches, umuzabibu, imiteja n’ubgishaza, asparagus, pilipili ikaze, cilantro, ibigori, amababi, turnips, saladi, imboga, okra, igihaza, inkeri, pasteki.
Ivyimburwa vyawe bisa gute?Ni gute iruta ivy’ abandi? • Ibintu bimwe bipimwa mu vyimburwa: • Ivyawe bizana ubuzima mu vyo kurya. • Uzokuza mu gihe gikwiye kandi mu bginshi bukwiye • Uzokurikira ivyo abantu bakeneye kugura • Uzogerageze kupunguza garama y’ingendo, kugabanya, gutwara, guharura, no kubika. • Abantu bakunda indya zitandukanye n’ibindi. • Abantu bagura indya barimuka ahandi, barakura, barahindura ivyo bagura. • Kwubaka inyungu bifata umwanya!
Ivyimburwa: Kugira izina ryiza Gutora izina: • Bose baramenya iryo zina. • Bamenya yuko icyanditseho iryo zina n’indya nziza. • Izina rimeze nk’isezerano yuko ari indya nziza. • Izina riragufasha kugira inshuti. • Rituma bamenye wewe n’ibintu ugurisha. Kwitekereza: Mbega, muzoba benshi bahuje iryo zina? • Asangwa muri benshi, bose bige neza kuzana indya nziza gusa!
Ivyimburwa: Amategeko n’ibipimo vyo gukuza imbuto • Amategeko yose ya ngombga mu gukuza imbuto bikwiriye kubonekana hakiri kare. • Amaguriro amwe akwiriye urwandiko ry’ ubuzima bg’indya ivuye ku kibanza cawe. Ukwiye kwiga amategeko y’ amaguriro yose.
Amazina y’ivyimburwa bimwe • Ivyimburwa vyitwa “Organic” byakuzwe mutakoresheje imiti yo kwica udusimba. • Ivyimburwa vyitwa “Locally Grown” n’ibyo vyakuzwe hafi • Ivyimburwa vyitwa “Arizona Grown” n’ibyo vyakuzwe muri Arizona. • Umurimyi ugomba kugira icete kurima indya ya “organic”, akwiye kwiga ivyanditswe hano kuri interneti: Organic Materials Review Institute website (OMRI; http://www.omri.org/). • Ahandi yokwiga: The National Organic Program home page is http://www.ams.usda.gov/nop/indexIE.htm
Ikiguzi (price) Ikiguzi cawe gikwiye kwerekana: • Ikiguzi c’abandi • Amahera wakoresheje gukuza imbuto • Iciza c’ivyimburwa vyawe, aho ubigurisha akaba ari hafi, na • Amoko y’ abazoza kugura ivyawe • Amahera y’igihugu ukw ameze • Ugitanura kurima, ntushire igiciro hejuru cane. Uvyige buhoro-buhoro. Wige uko abandi bamaze kushinga ikiguzi cyabo. Kwiga ivyerekeye ikiguzi: USDA Agricultural Marketing Service Abbie Hannon, Officer-In-Charge Fruit and Vegetable Market News E-mail: Abbie.Hannon@usda.gov
Kwiyamamaza • Gutangaza • Kuri TV ya hafi • Mu magazeti ya hafi • Ku ma radiyo ya hafi • Mu magazeti y’akazi • Gufasha kwiyamamaza • Rondera icama co hafi ubaze amahera babaza • Nka, Arizona Chef’s Association • Slow Food USA • Kurondera kuri interneti: • IRC • Local First Arizona ($35 per year) • Local Harvest website • Links on other websites (ex, http://www.mcclendonsselect.com)
Amahera yo kuba mambre Kurondera kuri interneti Grower’s webpage
Ubu ushobora gutangura kumenya uko uzokora! • Ukwiye kumenya • Kumenya amazina y’ amaguriro. • Kwibaza: “Ni bande bazogura ivyanje?” • Hanyuma utekereze uko uzabageraho. • Uzotekereza uburyo bgo kukuza imbuto, ikiguzi cayo, kwiyamamaza, n’ukuntu uzageza ivyimburwa kw isoko.
Kwipima ubushobozi • Kumenya amaguriro meza, ukwiye Kwipima Ubushobozi • Kwipima Ubushobozi n’uburyo bgo kumenya imbaraga zawe, abazogufasha ni bande, kandi kuzomenya amaguriro n’ingorane zose.
Kwipima Ubushobozi • S: Ubushobozi (Strengths) Imbaraga yawe n’ubgenge bgawe, ivyo uhora ukora neza cane, ni gute utekereza ko urutaabandi, uzanye iki ciza ku maguriro.
Kwipima Ubushobozi • W: Intege nke (Weaknesses). Ni hehe ugira intege nke? Ukamenya yuko utabishoboye ku ruhe ruhande.
Kwipima Ubushobozi • O: Uburyo bgiza (Opportunities). Raba uburyo bgiza mu maguriro. Wige iguriro rimeze rite. Vugana n’abantu bakoresha indya mu kazi kabo, vugana n’abandi barimyi barikorera, amasoko bagurisha ikintu kimwe, n’abandi bagurisha ku bgoko bumwe bg’abantu.
Kwipima Ubushobozi • T: Ingorane (Threats). Raba ingorane zishobora kuza mu maguriro. Nka guhomba amahera menshi, imvura canke izuba, abandi benshi baragurisha, abaguzi bawe barimuka, n’ibindi.
Kwipima Ubushobozi = SWOT Analysis • Noneho wipime ubgawe! • S=Strengths Ubushobozi • W=Weaknesses Intege Nke • O= Opportunities Uburyo bgiza • T=Threats Ingorane